Abashingamateka bagiye gutohoza ku bivugwa na Onu mu Burundi

Umushikiranganji Martin Nivyabandi (i bubamfu) na Kanyana Laurentine (i Buryo)
Image caption Umushikiranganji Martin Nivyabandi (i bubamfu) na Kanyana Laurentine (i Buryo)

Inama nshingamateka yashinze umugwi udasanzwe uzokwiga ku cegeranyo c'abahinga b'umugwi wa ONU ujejwe agateka ka zina muntu cashizwe ahabona muri uku kwezi kwa 8 uyu mwaka.Uwo mugwi ugizwe n'abantu 12, usabwa guhinyuza ibiri muri ico cegeranyo uzoheze ubishikirize inama nshingamateka.M'uvyo uwo mugwi uzokora harimwo kandi no kuraba ingene abahinga bakoze ico cegeranyo bakoranye na reta y'uburundi hamwe no kwihweza imvo zituma impunzi z'abarundi ziri hanze zidatahuka.Uwo mugwi ufise ikiringo c'amezi atatu kuva muri uku kw'icenda.

Burundi: Abarenga 70 bahungutse bava muri CongoBimwe mu biri muri ico cegeranyo gishasha c'abahinga ba ONU, bemeza ko n'ubu mu burundi hacibonekeza ubwicanyi ndengeraburungane, ihagarikwa n'ipfungwa bidaciye mu mategeko, abantu baburwa irengero, ihohoterwa rya kiremwa muntu hamwe n'ihohoterwa rishingiye ku gitsina.Abo bahinga bemeza ko ahanini ivyo vyaha bikorwa na bamwe mu bakozi b'iperereza, igipolisi, igisirikare n'imbonerakure.Hari na bimwe icegeranyo kivuga ko vyakozwe n'imigwi y'abagwanyi.Umushikiranganji w'agateka ka zina muntu Martin Nivyabandi avuga ko ico cegeranyo kirimwo kurenza urugero.Avuga ko cakozwe mu mpisho kubera abo bahinga batigeze bashika ku rubuga.

Image caption Uwo mugwi ugizwe n'abantu 12, usabwa guhinyuza ibiri muri ico cegeranyo uzoheze ubishikirize inama nshingamateka.

Ku bw'uyu mutegetsi, Uburundi bwarateye intambwe ikomeye mu vy'agateka ka zina muntu ugereranije no mu myaka iheze canke umwaka wa 2015.

ONU iragiriza imigwi yitwaje ibigwanisho gushaka gutera u Burundi«Kumbure ubu ingorane ihari ifatiye ku bukene bihanze abanyagihugu», nikwo Martin Nivyabandi abisigura. Abandanya agira ati, « ibibazo nk'ivyo na vyo bigenda bitorerwa inyishu buke buke».Martin Nivyabandi yabishikirije inama nshingamateka kuri uyu wa gatatu igihe we na mugenziwe w'ubutungane bari baramutse bishura ibibazo mu nama nshingamateka.