Kenya: Chebukati yavuze ko abatovye amatora bazokurikiranwa

Umukuru w'akanama kajejwe amatora muri Kenya Wafula Chebukati
Image caption Umukuru w'akanama kajejwe amatora muri Kenya Wafula Chebukati

Umukuru ew'akanama kajejwe amatora muri Kenya IEBC, Wafula Chebukati, yavuze ko abantu bose batovye amatora bakwiye kubibazwa.

Yavuze ko abakozi ba IEBC bagenywe gukurikirana amatora, basanze hari abandi bakibandanya imirimo batigeze bahindugwa.

Bwana Chebukati avuga ko "akanama kazotegerezwa guhindura bamwe mu bakozi" hageze gutunganya ayandi matora.

Yasavye ubushikirizamanza bwa Kenya gukora itohoza, ngo bushikirize ubutungane abo bose batovye amatora.

Yongeye asaba Sentare Ntahinyuzwa gutanga vuba icegeranyo ca nyuma c'icatumye ifata iyo ngingo, ngo akanama gashobore kwitegurira gusubirishamwo amatora.