Nissan yakoze imodoka y'umuyagankuba ishika kure

Nissan yavuze ko izosohora ubwoko bukomeye cane bw'iyo modoka mu kiringo c'umwaka umwe Uwufise ububasha kw’isanamu NISSAN
Image caption Nissan yavuze ko izosohora ubwoko bukomeye cane bw'iyo modoka mu kiringo c'umwaka umwe

Ikigo gihingura imodoka co mu Buyapani, Nissan, cakoze imodoka nshasha yitwa Leaf igendeshwa n'umuyagankuba (électricité) ishika kure, ngwishobore guhiganwa kw'isoko rigezweko ry'imiduga igendeshwa n'umuyagankuba.

Iyo modoka nshasha ya Leaf ishobora kugenda ibice 50% vyiyongera kuvyo iyahahora yagenda, ibateri yujujwe rimwe gusa, niko iryo hinguriro rivuga.

Bivugwa ariko ko itarashikira izindi modoka zikoreshwa umuyagankuba zikogwa n'amahinguriro Tesla na General Motors.

Imodoka zirenga 283000 zo mu bwoko bwa Leaf zaragurishijwe n'iryo hinguriro ryo mu Buyapani kuva igihe ritanguye kuzigurisha mu 2010, bigatuma ziba iza mbere nyinshi zigendeshwa n'umuyagankuba zisohotse kw'isi.

Imodoka nshasha yo mu bwoko bwa Leaf izogurishwa mu Buyapani kuva mu kwezi kw'icumi, ahandi mu ntango y'umwaka uza, igashobora kugenda urugendo rurerure biturutse ku bateri ifise y'umwihariko ya kilowatt 40.