Iyo aza kuba wewe wabigenza gute?
Ntibishobora gukina mu cuma cawe

Yagiriye ivyago mu bwiherero ku muhungu bahuye ubwa mbere

Liam Smith, umunyeshure wo muri kaminuza yo mu muji wa Bristol mu Bwongereza, yari asanzwe yandikiranira n'umukobwa kuri internet.

Uwo muhungu n'umukobwa bumvikanye umunsi umwe guhura bakaja gusangira, ariko rero ibintu ntivyarangiye uko babiziga igihe batahana iwe.

Uwo mubonano wabo wambere waranzwe n'ivyago, wakwiye isi yose, n'ubwo bataramenya nimba urukundo rwabo ruzobandanya.