Igihuhusi cahagaritse ubuzima i Florida muri Amerika

Prezida Trump yemeye ko hatangazwa ibihe vy'amakuba i Florida Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Prezida Trump yemeye ko hatangazwa ibihe vy'amakuba i Florida

Abahinga mu vy'ikirere muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika bavuga ko igihuhusi kikimeze nabi mu gice co hagati mu ntara ya Florida.

Ico gihuhusi kiriko cerekeza mu buraruko, ubu kikaba cibanze mu muji ca Tampa.

Uko vyifashe mu bumanuko bwa Florida ngo ni nk'uko bisanzwe bigenda iyo hari igihugu kizanana akarere k'ubushuhe kegereye hagati h'umubumbe w'isi (tropical storm).

Igipolisi mu muji wa Miami kivuga ko intsinga z'umuyagankuba zakorotse mu gice kingana mirongo umunani kw'ijana vy'umuji, ngo kandi igice kinini gipfukiriwe n'amazi.

Ntibishobora gukina mu cuma cawe
Igihuhusi ntigitera imyuzure gusa. Kiranakamya ikiyaga... ibi nivyo Irma yagize i Florida.

Imiji myinshi yashizeko umukwabu mw'ijoro kugira bakumire abasuma bohava bikika mu kiza bagasahura.

Umukuru w'igihugu Trump yemeye ko hatangazwa ibihe vy'amakuba muri Florida, ubu imfashanyo ya leta ikaba yemerewe gukoreshwa.

Igihuhusi Irma vyitezwe ko kigabanya inguvu, gisigare ari igihuhusi gisanzwe mu gihe kizoba kiri kwegera ubumanuko bwa Georgia.