Bangladesh yarengewe n'ikibazo c'impunzi ziva Myanmar

Bangladesh ifise ikibazo co gufasha impunzi nyinshi zihunga intambara muri Myanmar Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Bangladesh ifise ikibazo co gufasha impunzi nyinshi zihunga intambara muri Myanmar

Bangadesh ivuga ko ifise ikibazo gikomeye co kuronsa uburaro n'imfashanyo impunzi zishika ibihumbi 300 z'Abaislam b'aba Rohingya bahunze Myanmar.

Ivyo kurya, amazi hamwe n'imiti biriko birakeha cane mu gihe impunzi zibandanya gushika.

Zihunga ubwicanyi buri mu gihugu ca Myanmar, nyuma y'ibikorwa vya gisirikare vyo guhiga abarwanyi bimaze guhitana abantu amajana, ibigwati navyo bikaba vyaraturiwe.

Leta ya Myanmar yanse icifuzo co guhagarika imirwano cashikirijwe n'umugwi w'abarwanyi n'Abaislam bo mu bwoko bwa Rohingya.

Umugwi Arakan Rohingya Salvation Army watangaje ko uhagaritse ibikorwa vya gisirikare ikiringo c'ukwezi kumwe kugira imfashanyo ishobore gushikira abayikeneye.