Abaganga bakuye amenyo 7 umwana w'ukwezi kumwe mu Buhinde

Uyu mwana bamukuye ayo menyo babanje kumubaga
Image caption Uyu mwana bamukuye ayo menyo babanje kumubaga

Abaganga bo mu bitaro bimwe biri mu ntara ya Gujarat mu burenmgero bw'Ubuhinde bakuye amenyo indwi umwana w'ukwezi kumwe.

"Ubu uwo mwana ameze neza," ni umuganga yamubaze, Meet Ramatri avuga.

Avuga ko bakoresheje uburyo bubiri mu kumubaga.

Ubwa mbere bamukuye amenyo ane, mu nyuma bamukura ayandi atatu.

Ayo menyo y'uwo mwana yabonetse inyuma y'imisi mike amaze kuvuka.

Abavyeyi biwe baciye bamujana kwa muganga amaze gutangura kugira ingorane zo kwonka.

Inyuma yo kumusuzuma, uwo muganga yaciye amurungika ku wundi yitwa Ramatri.

"Igihe nariko ndamusuzuma, nasanze afise amenyo indwi," ni ko Dr Ramatri yabwiye BBC.

Mu nyuma vyabaye ngombwa ko ndamukura ayo menyo mbanje kumubaga.

"Ubu uwo mwana aronka neza cane," ni ko muganga yavuze, ariko yongerako ko bitaramenyekana nimba uko kumubaga gushobora gutera ingorane yo kumera ayandi menyo mu misi iri imbere.