Onu yafatiye ibindi bihano Korea ya Ruguru

Korea ya Ruguru ivuga ko yakoze kandi yagerageje bombe y'umwuka wa "hydrogène" Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Korea ya Ruguru ivuga ko yakoze kandi yagerageje bombe y'umwuka wa "hydrogène"

Umuryango mpuzamakungu Onu wafatiye Korea ya Ruguru ibihano bishasha inyuma yaho ico gihugu kigeragereje ikigwanisho ca gatandatu kinini co mu bwoko bwa "nucléaire".

Izo ngingo zihanikiza kurungikayo ibitoro, no kuyihagarikira urudandazwa rw'impuzu- ni inzira yotuma Korea ya Ruguru ibura ibitoro n'uburyo bw'amahera mu migambi yayo ya "nucléaire".

Mu ntango, Leta Zunze Ubumwe za Amerika zari zahanuye ko yohabwa ibihano bikomeye cane birimwo ukubuza burundu kurungikayo ibitoro.

Amatora yemeza ivyo bihano yemejwe inyuma yaho ibihugu bicuditse na Pyongyang, Uburusiya n'Ubushinwa, vyemerewe ko ibihano bigabanywa.

Ivyo bihano vyashinzwe n'akanama kajejwe umutekano ka Onu ku munsi wa mbere, vyakiranywe agashavu na Korea ya Ruguru.

Itangazo ryacishijwe mu kinyamakuru ca leta, KNCA, rigabisha ko ni Amerika yatuma hafatwa ibihano bikomeye, ko Korea ya Ruguru izokora ukwo ishoboye ngo Amerika ivyishure.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Akanama kajejwe umutekano ka Onu karimwo Amerika, kamaze gufatira kenshi ibihano Korea ya Ruguru

Mu ndwi iheze, Leta Zunze Ubumwe za Amerika zari zasavye ko Korea ya Ruguru yohagarikigwa kurungikigwa ibitoro burundu, ivyo abakurikirana utuntu n'utundi bakavuga ko bifise intumbero yo kuburagiza ubutegetsi bwa Pyongyang.

Ibihano vyemejwe na Onu birimwo:

Kugabanya kurungika ibitoro bitarayungurugwa hamwe n'ibindi bicuruzwa bikomoka ku bitoro, Ubushinwa bucuditse na Pyongyang mu vy'ubutunzi, bukaba aribwo burungika ibitoro vyinshi muri Korea ya Ruguru.

Uguhagarika kwakira impuzu za Korea ya Ruguru, ari naco kidandazwa ca kabiri c'agaciro kanini Korea ya Ruguru igurisha hanze, imiliyoni z'amadolari 700 ku mwaka.

Guhagarika guha uruhusha rwo kwinjira mu bihugu (visas) ku bakozi bakora mu mahanga, ivyo ngo vyotuma Korea ya Ruguru itakaza imiliyoni z'amadolari 500 z'amakori yinjira ku mwaka.

Ingingo yo gufata amatungo ya Kim Jong-un, hamwe n'ukumubuza kuva mu gihugu, yafuswe.