Kgalema Motlanthe ngo "ese ANC yotsindwa amatora mu 2019"

Khalema Motlanthe avuga ko ANC itsinzwe, abayirimwo kubera amahera boca bavamwo igasubira kwiyubaka bushasha Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Khalema Motlanthe avuga ko ANC itsinzwe, abayirimwo kubera amahera boca bavamwo igasubira kwiyubaka bushasha

Uwahoze ari icegera c'umukuru w'igihugu muri Afrika y'epfo, Kgalema Motlanthe, yavuze ko vyoba ari vyiza umugamwe uri ku butegetsi, ANC, utsinzwe amatora yo mu 2019.

Bwama Motlhanthe, asanzwe ari inararibonye ikomeye muri ANC, yabariye BBC ko abantu bari muri uwo mugambwe kubera amaronko y'amafaranga n'ibindi, boca bawuvamwo.

Ngo bigenze uko, uwo mugambwe woca uboneraho akaryo ko kwiyubaga bushasha atabaryi b'igiturire bakiwurangwamwo.

Bwana Motlanthe yamye anenga cane umukuru w'igihugu wa Afrika y'epfo w'ubu, Jacob Zuma, akaniyamiriza igiturire kivugwa muri ANC.

Yarabaye icegera c'umukuru w'igihugu hagati y'imyaka y'2008 n'2009.