Ethiopia: Abantu babiri bapfuye mu myiyerekano

Abanya Ethiopia baba mu bindi bihugu nabo nyene biyunze na bagenzi babo mu myiyerekano Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abanya Ethiopia baba mu bindi bihugu nabo nyene biyunze na bagenzi babo mu myiyerekano

Niburiburi abantu babiri bapfuye abarenga 600 bavanwa mu vyabo mu ndyane zaturutse ku myiyerekano mu bisagara vyo mu buseruko bw'igihugu ku munsi wa kabiri.

Abari mu mabarabara bagiriza igipolisi ubwo bwicanyi, hamwe no guhonyanga agateka k'abanya Ethiopia bo mu bwoko bw'aba Oromo.

Ubutegetsi bwegetse ubwo bwicanyi ku mpari z'urubibe hagati y'aba Oromo n'ababanyi babo bo mu ntara y'aba Somali muri Ethiopia.

Buvuga ko bwarungitseyo inteko za gisirikare kwambura abanyagihugu ibigwanisho.

Izo ndyane zimaze amezi, ariko zikaba zatumye iyo miryango ibiri ihangana muri ino ndwi.

Mu kwezi kw'umunani, leta yarahagaritse amategeko y'ibihe bidasanzwe yari amaze amezi cumi ashinzwe, inyuma y'urutavanako rw'imyiyerekano y'abiyamiriza ubutegetsi.