Korea ya Ruguru ku rugero rwa US mu gisirikare

Umukuru w'igihugu ca Korea ya Ruguru arorera itegwa rya "missile" Hwasong-12 ku munsi wa gatanu Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umukuru w'igihugu ca Korea ya Ruguru arorera itegwa rya "missile" Hwasong-12 ku munsi wa gatanu

Umukuru w'igihugu ca Korea ya Ruguru Kim Jong-un yiyemeje gushika ku ntego igihugu cihaye mu mugambi wa "nucléaire", niko itangazamakuru ry'igihugu ryavuze.

Iyo ntego ngo n'ukunganisha inguvu za gisirikare n'iza Leta Zunze Ubumwe za Amerika (US), niko KCNA isubiramwo ivyo yavuze.

Ayo majambo Bwana Kim yayashikirije inyuma yaho Korea ya Ruguru itereye "missile" hejuru y'Ubuyapani - iyo "missile" ikavugwa ko ariyo ya mbere igeze kure cane.

"Dukeneye kwereka ivyo bihangange vyikunda aho igihugu cacu kimaze gushika ku ntego yaco mu nguvu za "nucléaire" naho bidasiba kudushirako ibihano no kutuzibira," niko Bwana Kim yavuze ku bw'ikinyamakuru KCNA.

Yabandanije avuga ko intego ya Korea ya Ruguru ari "kunganisha inguvu za gisirikare ku za Amerika gushika aho abategetsi ba US badasubira kubakangisha gukoresha inguvu za gisirikare kuri Korea ya Ruguru".

Bwana Kim yirabiye ubwiwe ingene "missile" Hwasong-12 itegwa ku munsi wa gatanu.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Kim Jong-un n'abasirikare bakuru biginye itera ry'ico gisasu

Iyo "missile" yageze ku burebure bw'ibirometero 770 mu kirere, igenda ibirometero 3700 imbere yuko igwa mu kiyaga ca Hokkaido, nkuko igisirikare ca Korea Yepfo cavuze.

Bivugwa ko iyo "missile" ishobora gushika Guam ku butaka bwa Amerika, abahinga bakavuga ko ari iya mbere ishika kure Korea ya Ruguru irungitse mu kirere.