US: Umupolisi yakurikiranwa ku bwicanyi yejejwe

Jason Stockley, yahora ari umupolisi, yaciye yimukira Houston amaze gutanga imihoho mu gipolisi ca St Louis mu 2013 Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Jason Stockley, yahora ari umupolisi, yaciye yimukira Houston amaze gutanga imihoho mu gipolisi ca St Louis mu 2013

Umugabo w'umwera yahora ari umupolisi mu ntara ya Missouri yejejwe, ku vyo yakurikiranwa ko yishe umugabo w'umwirabure mu kumurasa incuro zitanu amukurikiye n'imodoka.

Umucamanza yejeje Jason Stockley ku caha c'ubwicanyi c'urugero rwa mbere, yakurikiranwa ku kurasa umuhungu w'imyaka 24, Anthony Lamar Smith, mu 2011 mu gisagara ca St Louis.

Bwana Stockley, 36, yafashwe amajwi akurikira uwo muhungu avuga: "Ndamwica, wewe ntavyo waruzi."

Abantu batanye mu mitwe, igihe abiyamiriza ingingo yafashwe baja mu mabarabara.

Munyuma igipolisi ca St Louis cavuze ko cafashe abantu 13, ko n'abapolisi bane bakomerekeye muriyo myiyerekano.

Igipolisi cahavuye mu nyuma kibasukamwo ivyuka vya "lacrymogène" mu gihe bamwe mu bakozi baco bariko barategwa amabuye hamwe n'amacupa.

Uwufise ububasha kw’isanamu CBS
Image caption Lamar Smith ngo yanse gukurikiza ivyo umupolisi yamutegeka niko umucamanza yavuze

Bwana Smith yaheruka kuronka ikibondo kandi yagira yubake urwiwe, igihe yicwa itariki 20 ukwezi kwa 12 mu 2011.

Bwana Stockley yavuze ko bari bakurikiranye Bwana Smith, bamufata mu rudandazwa rw'ibiyayuramutwe hafi y'inyubakwa y'ubufunguriro.