Burundi: Impunzi 18 zishwe n'igipolisi muri RD Congo

Bamwe mu mpunzi z'abarundi Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Bamwe mu mpunzi z'abarundi

Ubutegetsi bwamenyesheje ko niburiburi impunzi 18 zapfuye zirashwe n'abajejwe umutekano, mu buseruko bwa Repubulika iharanira Intwaro rusangi ya Congo (RD Congo).

Buvuga ko abandi benshi bakomeretse igihe igipolisi n'abasirikare bugurururiye umuriro ku mpunzi zari mu myiyerekano, ziyamiriza umugambi wo kuzitahukana.

Abarundi baharugwa mu bihumbi barahunze igihe hadukiye ubwicanyi mu 2015, inyuma yaho Prezida Pierre Nkurunziza afatiye ingingo yo kurongora igihugu ku kiringo ca gatatu.

Ubutegetsi bw'i Burundi buvuga ko hari umutekano muri kino gihe, ko impunzi zari zikwiye gutaha.