Prezida Kenyatta yagabiye imodoka umudepite muto muri bose

Bwana Mwirigi ashikirizwa urufunguruzo rw'iyo modoka na Prezida Kenyatta Uwufise ububasha kw’isanamu UHURU KENYATTA/FACEBOOK
Image caption Bwana Mwirigi ashikirizwa urufunguruzo rw'iyo modoka na Prezida Kenyatta

Umudepite muto muri bose mu gihugu ca Kenya yagabiwe imodoka yari yemerewe na Prezida Uhuru Kenyatta.

John Paul Mwirigi, 23, umushingamateka wa Igembe yo mu bumanuko ku birometero 200 uvuye i Nairobi, yatowe aciga mw'ishule kaminuza.

Igihe co kwiyamamaza, Bwana Mwirigi yakoresha ikinga canke ipikipiki, kugira ngo ashikire abanyagihugu.

Amahera menshi yakoresheje yayakura ku bagiraneza.

Igihe aja kurahira, yakoresheje imodoka zisanzwe zunguruza abantu, kugira ngo ashobore gushika ku ngoro y'inama nshingamateka i Nairobi.

Igihe abashingamateka bakiriwe ku kirimba c'umukuru w'igihugu, yasavye lifiti umushingamateka mugenziwe, mu kuvayo yurira imodoka yunguruza abantu bita "Matatu".

Uwufise ububasha kw’isanamu UHURU KENYATTA/FACEBOOK
Image caption John Paul Mwirigi mu muduga wiwe mushasha

John Paul Mwirigi ari mu mwaka wa gatatu wa Kaminuza mu gisata c'abigira ubwigisha kuri Kaminuza ya Mount Kenya.

Igihe yatogwa, yaronse amajwi 18867, arusha uwo bahiganwa Rufus Miriti wo mu mugambwe Jubilee wa Prezida Uhuru Kenyatta yaronse amajwi 15411.