Onu isaba itohoza ku rupfu rw'impunzi 37 z'abarundi

Izo mpunzi zari mu myiyerekano ziyamiriza gutahukanwa Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Izo mpunzi zari mu myiyerekano ziyamiriza gutahukanwa

Onu isaba ko hokogwa itohoza ku rupfu rw'impunzi 37 z'abarundi zishwe n'abajejwe umutekano muri Repubulika iharanira Intwaro rusangi ya Congo (RD Congo) mu myirekano yo kwiyamiriza gutahukanwa.

Umugwi wa Onu warungitswe muri RD Congo gufasha kubumbatira amahoro Monusco, wavuze ko abandi 117 bakomerekeye muri iyo ntureka yabereye mu buseruko bw'igihugu.

Amakuru ava muri leta avuga ko abagumutse bateye ibohero ryarimwo abarundi birukanywe.

Onu yasavye ko hakogwa amatohoza kuri ubwo bwicanyi bwakozwe mu kivunga.

Florence Marchal wo muri Monusco yavuze ko "batunguwe" n'ubwo bwicanyi.

Abo barundi bari mu myiyerekano bavuze "ko batanezerejwe nuko bagenzi babo bane birukanywe muri Congo. Hari umusirikare wa Congo yapfuye muriyo ntureka.

"Abasirikare hamwe n'abapolisi baciye batangura kurasa ata kuvangura mu bari mu myiyerekano."

Mu ntango, umushikiranganji w'intwaro yo hagati muri Congo yavuze ko abasirikare barashe mu kirere, munyuma bararengegwa bariko bategwa amabuye.

Inyuma y'ubwo bwicanyi, umushikiranganji ajejwe imigenderanire mu Burundi, Alain Aimé Nyamitwe yaciye acisha ubutumwa kuri Twitter asaba insiguro.

Abantu barenga 400.000 baramaze guhunga bava mu Burundi kuva 2015, igihe Prezida Pierre Nkurunziza amenyeshereje ko agiye kurongora igihugu mu kiringo ca gatatu, munyuma hakaduka ubwicanyi.

Impunzi 40.000 nizo zicumbikiwe muri RD Congo, nkuko ishirahamwe rya Onu rijejwe impunzi HCR rivuga.