Abana b'aba Rohingya batandukanye n'imiryango

Amashirahamwe y'abagiraneza avuga ko hari abana benshi bahunze batari kumwe n'abavyeyi Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Amashirahamwe y'abagiraneza avuga ko hari abana benshi bahunze batari kumwe n'abavyeyi

Amashirahamwe y'abagiraneza akorera ku mpunzi z'aba Islamu b'aba Rohingya i Bangladesh, avuga ko amaze kubara abana 1300 baje bava Myanmar batari kumwe n'abavyeyi canke incuti.

Muri bo ngo hari abafise imyaka itatu.

Umukozi wa Unicef ari mu gisata co gukingira abana yabwiye BBC ko bamwe muri abo bana biciwe abavyeyi, abandi ko batandukanye n'abavyeyi bariko barahunga.

Umunyamabanga mukuru wa Onu, Antonio Guterres, yasavye indongozi ya Myanmar, Aung San Suu Kyi, kurangiza ibitero vya gisirikare bituma abantu isinzi bahunga.