RD Congo ivuga ko ata mpunzi z'abarundi zishwe

Lambert Mende mu kiganiro n'abamenyeshamakuru Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Lambert Mende mu kiganiro n'abamenyeshamakuru

Leta ya Repubulika iharanira Intwaro rusangi ya Congo (RD Congo) irahakana ko abarundi barenga 30 bishwe ku munsi wa gatanu bari impunzi.

Umushikiranganji ajejwe amakuru, Lambert Mende, yavuze ko abapfuye bari abantu b'umugwi utazwi w'abagwanyi.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Onu ivuga ko inteko z'umutekano zarashe ikivunga impunzi zari mu myiyerekano

Umuryango mpuzamakungu Onu hamwe n'abamenyeshamakuru bavuze ko igisirikare carashe ikivunga impunzi zari mu myiyerekano mu gisagara ca Kamanyola.

Onu yarakuye muri ico gisagara abarundi 117 bakomerekeye muri iyo ntureka.