Koweit yirukanye uwuserukira Korea ya Ruguru

Ikarata ya Koweit
Image caption Ikarata ya Koweit

Amakuru aturuka mu gihugu ca Koweit avuga ko ubutegetsi bw'ico gihugu bwirukanye uwuserukira igihugu ca Korea ya Ruguru muri ico gihugu.

Nta makuru avuye mu butegetsi araja ahabona, ariko bamwe mu bategetsi babwiye abamenyeshamakuru ko uwo mu Ambasaderi yahawe ukwezi kumwe ngo abe yagiye, bikavugwa ko ibikogwa vy'ubuserukizi bizosubizwa hasi.

Koweit nico gihugu conyene co mu karere ka Golf cari kigisigaranye ubuserukizi bwa Korea ya Ruguru.

Abantu baharugwa mu bihumbi ba Korea ya Ruguru bakora muri Koweit, no mu bindi bihugu vya Golf nk'abisumamwo.

Ivyo bibaye haheze hafi indwi zibiri Emir wa Koweit atembereye Washington.

Leta Zunze ubumwe za Amerika zasavye zishimitse amakungu guhagurukira Korea ya Ruguru, kubera umugambi wayo wa "nucléaire".