US ngwitegerezwa kuva mu masezerano ya Paris y'ihindagurika ry'ibihe

Amasezerano ya Paris asaba ibihugu vyayateyeko umukono kwubahiriza igipimo bumvikanyeko Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Amasezerano ya Paris asaba ibihugu vyayateyeko umukono kwubahiriza igipimo bumvikanyeko

Igihugu ca Leta Zunze ubumwe za Amerika (US) cavuze ko kizokwikura mu masezerano ya Paris ajanye n'ihindagurika ry'ibihe naho hari amakuru avugwa ko vyogabanya ijunja ico gihugu cari gifise mu makungu.

Inyuma y'inama y'abashikiranganji bajejwe ibidukikije ku munsi wa gatandatu, uwujejwe ibidukikije mu muryango wa Buraya (EU), Miguel Arias Canete, yavuze ko intumwa za Trump zavuze ko US ishobora kuguma mu masezerano ya 2015 canke igasubira kwihweza ivyo yiyemeje.

Ibiro vy'umukuru w'igihugu White House vyo bivuga ko ata kirahinduka ku bijanye naho US ihagaze.

Mu kwezi kwa gatandatu Prezida Donald Trump yavuze ko US izova murayo masezerano.

Yavuze ko biri mu vyo asabwa ngo akingire Amerika, ko azorondera ayandi masezerano atabangamira igisata c'ubudandaji ca US.

Abatavuga rumwe na Trump bavuga ko kwikura muri ayo masezerano bisa nugutana ibindi bihugu ikibazo nkoramutima.