Umuti wa HIV ugwanya ibice 99% vy'uwo mugera

Umugera HIV ngo uguma uhindura isura bikagora kuwugwanya Uwufise ububasha kw’isanamu SPL
Image caption Umugera HIV ngo uguma uhindura isura bikagora kuwugwanya

Abahinga mu vy'ubuganga batoye umuti ushobora kugwanya ibice 99% vy'amashami y'umugera HIV, ivyo bigashobora gutuma ibinyabuzima vyo mu bwoko bwa "primates" birimwo n'umuntu bishobora gukingigwa kwandura.

Ngo ukoze ku buryo ushobora gutera ibihimba bikomeye bitatu vy'umugera - bigatuma umugera HIV udashobora kuwurinda.

Ico gikorwa cakozwe n'ikigo ca Amerika citaho ivy'amagara "US National Institutes of Health" hamwe n'ihinguriro ry'imiti Sanofi.

Ikigo gifasha kugwanya SIDA "International Aids Society" cavuze ko kinezerejwe n'iyo ntambwe.

Uwo muti uzotangura kugeragezwa ku bantu mu 2018, ngo barabe ko ushobora gukingira umuntu ntiyandure canke kumuvura.

Imibiri yacu igwanya bigoye umugera HIV, kubera ko uguma uhindagurika, ugahindura isura.