Amatora kamarampaka y'ukwikukira kwa Catalogne ngo ntasiba

Prezida wa Catalogne Carles Puigdemont ashira umukono kw'itegeko ryemeza amatora kamarampaka y'ukwikukira kwa Catalogne Uwufise ububasha kw’isanamu JAUME CLOTET
Image caption Prezida wa Catalogne Carles Puigdemont ashira umukono kw'itegeko ryemeza amatora kamarampaka y'ukwikukira kwa Catalogne

Ubutegetsi bwa Catalogne buriko buramarira imyiteguro y'amatora kamarampaka ategekanywa ku munsi wa Mungu, ashobora gutuma intara ya Catalogne yikukira ikavana na leta ya Madrid.

Mu gihe Madrid ikora ibishoboka vyose ngo ayo matora ntabe, ubutegetsi bwa Catalogne buvuga ko bugeze kure mu kuyitegurira.

Madrid ivuga ko ayo matora ateye kubiri n'amategeko, ko naho yoba, ko atazofatwa nk'amatora kamarampaka.

Aba Catalans bamenyesheje ko ibiro vy'amatora birenga 2000 bizoba vyarangiye, ngo naho igipolisi gifise intego yo kuvyugara.

Ibihumbi vy'abashigikiye ukwo kwikukira bitezwe mu myiyamamazo ku mugoroba, abarimyi bakaba bitezwe gutwara vya biduga vyo kurima (tracteurs) ngo bashigikire ayo matora kamarampaka.

Uwufise ububasha kw’isanamu ERC VALLS
Image caption Aba Catalans bitegurira amatora kamarampaka yo ku munsi wa Mungu

Umukuru w'igihugu w'intara ya Catalogne Carles Puigdemont, yaneguye umuryango w'ubumwe bwa Buraya mu kubona uguma mu gacerere ku biriko birakogwa na Madrid, bisa n'ukwaka aba Catalans uburenganzira bwabo.