Obama yahuriye n'umuganwa Harry kurorera inkino muri Canada

Obama na Harry Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Canada, yakiriye 'Invictus Games' zigira gatatu, iza mbere zabareye London mu 2014

Muri Canada mu muji wa Toronto, Barack Obama n'umuganwa wo mu Bwongereza Harry, bahuriye kuraba umukino wa basketball mu mahiganwa y'abamugariye ku rugamba -Invictus Games.

Invictus Games, inkino zihuza abamugariye ku rugamba, zatangujwe n'umuganwa Harry mu 2014.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umugwi wa USA wa Basketball , wifotozanije na Obama, Joe na Jill Biden hamwe na Harry, imbere y' urukino rwabahuje n'Abafaransa, Amerika igatsinda 28-6

Umuji wa Toronto wakiriye inkino zigira gatatu za Invictus, nayo iza mbere zabereye mu muji wa London mu 2014.

Umuganwa Harry yari yaherekejwe n'umutambukanyi wa perezida, Melania Trump mu birori vyo kugurura izi nkino.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umuganwa Harry yarakoreye igisirikare imyaka 10

Ico gihe niho yerekanye umukunzi wiwe Meghan Markle ubwa mbere ku mugaragaro.

Obama amaze guhura incuro zirenga imwe n'umuganwa Harry, ubwa mbere bahuriye muri Leta zunze Ubumwe za Amerika mu 2015, ikindi gihe hari mu 2016, basangirira ku kirimba Kensington Palace.

Umuganwa Harry yatanguje inkino za Invictus Games mu ntumbero yo gufasha abakomerekeye ku rugamba kwinagura mu buryo bw'umubiri no mu vyiyumviro.

Imigwi ituruka mu bihugu 17, igizwe n'abakinyi 500, niyo yagize uruhara muri aya mahiganwa muri iyi ndwi muri Canada.