Turukiya yashinze ikigo ca gisirikare i Mogadishu muri Somalia

Ikigo ca Turkiya cubatswe ku nkengera z'amazi Uwufise ububasha kw’isanamu BBC Somali
Image caption Ikigo ca Turkiya gishobora kwakira abasirikare barenga 1500

Ikigo ca gisirikare giheruka kwugururwa na Turukiya muri Mogadishu, kibaye ica mbere gikomeye mu bigo vya gisirikare vya Turukiya vyo gutangirwamwo imyimenyerezo hanze y'igihugu.

Ikigo ca girikare ca Turukiya kiri ku nkengera z'amazi mu muji wa Mogadishu, gifise ububasha bwo gutangirwamwo inyigisho ku basirikare barenga 1500.

Intumbero y'iyubakwa ry'ico kigo, ni uguha abanya Somalia ubushobozi bwo kugwanya Al Shabaab n'iyindi migwi yitwaje ibigwanisho.

Ingabo zirenga ibihumbi mirongo ibiri z'ibihugu biri mu Bumwe bwa Afrika, hamwe n'abandi banyamahanga, bari mu gikogwa co kugwanya umugwi Al Shabaab.

Hari ibigo bitandukanye vy'abanyamahanga ku butaka bwa Somalia.