Catalogne mu matora ya kamarampaka, aherekejwe n'uruhagarara

Amazu y'amatora yatewena polisi Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abapolisi bagerageje kwinjira ku nguvu mu bibanza vy'amatora no gusunika abaje gutora

Igipolisi kijejwe guhosha imigumuko cagiye mu bibanza vyinshi vyo gutoreramwo mu ntara ya Catalogne mu ntumbero yo kugerageza kuburizamwo amatora ya kamarampaka ku bwigenge bwayo.

Amasanamu ya video yerekana abapolisi binjira ku nguvu mu bibanza vyo gutoreramwo, bahangana n'isinzi ry'abantu bongera bakoresha inkinzo zabo mu gusunika abantu.

Bamwe mu bari baje gutora bumvikana baririmba ngo 'nta bwoba dufise'.

Imbere yaho abategetsi ba Catalogne bari bavuze ko bizeye ko benshi bashobora gutora n'ubwo hari impapuro zo gutora zigera ku miriyoni icenda zafashwe, ndetse na bamwe mu batunganya ayo matora bagatabwa muri yompi.

Igitigiri c'abitabira ayo matora ni ngirakamaro cane, kuko hamwe abenshi boshigikira ubwigenge bw' iyo ntara ya Catalogne, ishobora gutangaza ko yiyonkoye ku bwami bwa Espagne.