Ivyotuma abagore basenyura ikumira rishingiye ku gitsina

A boxing glove smashes through glass Uwufise ububasha kw’isanamu mj0007/Getty Images

Mu bibazo bihanze abagore nuri uno mwaka wo guhitamwo abagore 100, twasavye ngo muterere ivyiyumviro ku kungene abo bagore bororanigwa.

Muri ino ndwi, umuhinga akora muri NASA hamwe n'umugore yigeze ku rutonde rw'abagore 100, Evelyn Miralles, baratororokanije ivyiyumviro bimwe bimwe.

"Abagore indwi nahisemwo bavuga ku kungene bikenewe "kwigisha" abagabo ku kutangana mu kazi gasaba inguvu, hakarondegwa abagore b'inguvu," niko yavuze.

"Bakeneye gukorera mu bibanza biborohereza, bituma bokwiteza imbere."

1) "Abahungu bakwiye kwigishwa ku bijanye n'amangane" - Anna, Philippines

Mu gihugu cacu, kwihenda kubera ko umuntu ashize imbere ibitsina biracariho.

Impari zidafise ishingiro zerekeye ibitsina ku bagore ziraja mu bigabiro bifatwa nko gupfyina munyuma nkasaba abo bantu kubihagarika canke bavyitumberezeko...

Ni umugenzo wokugwaho no gushira abana mu mashuli hakiri kare.

Abahungu bakwiye kwigishwa ku bijanye n'amangane, abakobwa nabo bakamenya ko bashobora kugera ku buzima busumba ubwo kuba umuvyeyi canke umuntu wo mu nzu.

Imvo nkuru nkuru zibiri zituma abagore baheba akazi, ni ukuja gutunga imiryango, n'imibonano mpuzabitsina ikozwe ku gahato. Ivyo turiko turabihindura.

Cane cane ku ngazi zo hejuru, twigisha abagabo kubona kure. Igihe abagore bitej'imbere, abantu benshi barahatorera akoyoko.

Abagore 100 ni ibiki?

BBC 100 Women itora abagore 100 bashobora gutuma ibintu bihinduka, bobera akarorero abandi kw'isi yose kira mwaka.

Muri uno mwaka w'i 2017, tubasaba kwicarira ingorane nyamukuru zine zihanze abagore - kurondera kuroranigwa, ukutaja mw'ishuli ku bakobwa, ugukubagugwa ku mugaragaro hamwe no gushira ikibazo c'ibitsina mw'ikarashishi.

Ufashije, birashobora gutuma batorera inyishu ivyo bibazo, kandi twipfuza ko woterera ivyiyumviro. Turondere kuri Facebook, Instagram na Twitter ukoresheje #100Women


2) 'Ntiwitwararike kuco abagore bavyungukamwo' - Natalie, Ubwongereza na Holandi

Mu gihe twoba twipfuza kujabuka tugashika kure, dukwiye guhagarika kwiyumvira tuti, kino ni ikibazo c'abagore, tugahagarika kubona ko biri mu nyungu z'abagore, tugahagarika no kubivugana ijwi ry'abagore.

Ibitsina bishoboye kunganishwa mu kazi, nta numwe atovyungukiramwo. Bizotuma ibikogwa vyitabwaho n'abantu batandukanye, umwumwe wese akabishiramwo inguvu, ugufashanya ku wufise inguvu nke bigakogwa ku muntu umwumwe.

Kugira ngo tubishikeko, dukeneye ko abagabo benshi binjira mu kiganiro nka kurya Andy Murray yabikoze ku bijanye na "Sport" kw'isi.

Bino bizotuma abantu b'ibitsina vyose binjira mu kiganiro, bakagira ico babivugako.

Mu vyashara nkora naramenye muri ino myaka ibiri ingene ngwanya ukutamenyekana, abanciramwo iyo mvuga, abashaka kwerekana ko banduta, benshi muribo narabazanye mu biganiro.

3) 'Gutangurira hejuru' - Amanda, US

Kuja hakurya y'ikiyo kidutandukanya n'abagabo bisaba gushira hamwe ibintu vyinshi:

- gukora ku mugaragaro

- kureka abakozi bakiyumva ko bashobora gushingwa amabanga

- gutangurira hejuru, gushiraho abarongora abandi ngo ibintu bihinduke

- guhemba abantu co kimwe utaravye ibitsina bituma abantu bakora neza kurusha, kandi umuntu agahembwa ku vyo yakoze

4) 'Abakobwa bahejeje kaminuza bohanura abagabo" - Katarzyna, Ubuswisi

Mubona gute gutunganya porogarame aho abakobwa bakiri bato bahejeje kaminuza boba abahanuzi b'abagabo barangije kera?

Turashobora guhindura ibintu abagore bakigisha abagabo ukuntu botegera ubuzima bw'abagore.

Image caption Evelyn Miralles, who leads a virtual reality team at Nasa, was one of the BBC 100 Women in 2016

5) 'Nta mibonano canke amanama y'igihe c'icayi' - Dara, Irlande

Ndi umuvyeyi nireranye abana babiri (bageze mu rugero) nkaba ndongoye televiziyo ikorera ku bucuruzi.

Nk'umuvyeyi, cane cane nk'umurezi umwe, ikintu kibangamira umuryango n'imibonano n'amanama y'igihe co gufata icayi.

Udafise abakurabira abana canke umuyaya aba ari muhira isaha 12 zo mu gitondo, biragoye kuja guhura n'abantu mu gitondo.

Kwitaho abana amasaha y'akazi canke ku mugoroba ni ibintu bikogwa kurusha mu mutwenzi.

6) 'Kworohereza abagore bakora' - Kwasi, Ghana

Jewe ndemera ko abagore bashobora kwijabura ku rugero rwo hejuru igihe abagore boroherejwe ku bijanye n'akazi ni nako igisata c'ubwubatsi muri Accra gikora.

Ico gisata catangujwe na Nana Akua Birmeh, yahevye akazi kiwe ka mbere kubera ko kataha agaciro ku gateka kiwe k'umuvyeyi.

Munyuma igihe atanguriye ishirahamwe ryiwe, yatumye abagore biyumva ko ata kibazo c'ubuvyeyi bafise.

Barazana abana ku kazi, abayaya bakazana abana kandi bakakigwana igishika.

7) 'Murarondera kumenya igituma abagabo bategwa ubwoba n'abagore b'ijunja' - Cynthia, US

Ndiko ndakora itohoza ku bagabo bavyipfuza ngo menye ko botegwa ubwoba n'abagore b'ijunja.

Tumenye igituma, vyofasha abagora gutera intambwe.

Ibindi kuri iyi nkuru