Umwimbu w'amashirahamwe yigenga warakorotse muri Kenya

Igisata c'amashirahamwe yigenga carunyutse kubera uruhagarara rwa politike ruri mu gihugu Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Igisata c'amashirahamwe yigenga carunyutse kubera uruhagarara rwa politike ruri mu gihugu

Umwimbu w'amashirahamwe yigenga warakorotse muri Kenya muri ino myaka itatu irangiye kubera impamvu za politike, niko icegeranyo c'ibanki kivuga.

Ku bw'ico cegeranyo hari amashirahamwe menshi yahagaritse vy'agateganyo ivyashara yakorera muri Kenya, mu kurindira ikiva mu matora ya kabiri.

Ku rundi ruhande inyungu z'umurengera z'amabanki zatumye abakora ivyashara batagisaba imikopo.

Ico cigwa cakozwe n'ibanki Stanbic cerekana ko ubutunzi bwa Kenya bwakorokeye hasi cane muri ano mezi atanu kuva mu 2014.

Ku bwa Jibran Qureishi, umuhinga mu vy'ubutunzi mw'ibanki Stanbic, igisata c'abikorera utwabo carunyutse kubera uruhagarara rwa politike.

Igihugu cagiye mu matora mu kwezi kw'umunani, munyuma Sentare Ntahinyuzwa igira impfagusa ivyavuye mu matora kubera ibitakozwe neza.

Amatora ya kabiri ategekanywa mu ndwi zitatu.

Abanyamitahe benshi bararindiriye ngo ayo matora abanze avemwo.