Inzoka yahakije umuntu yahereye ku masahani muri Indonesia

Mu bihugu vya Asia haragwiriye inzoka nini nk'isato Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/GETTY IMAGES
Image caption Mu bihugu vya Asia haragwiriye inzoka nini nk'isato

Inzoka nini y'isato yarangije ubuzima nabi ifunguwe n'abanya kigwati inyuma yaho yagira yirahire umuntu aca arayica.

Umugabo akore mu kigo c'umutekano Robert Nababan yahuye n'iyo nzoka mw'ishamba ry'ibigazi hafi y'ibarabara muri komine ya Batang Gansal muri Sumatra ku munsi wa gatandatu.

Bwana Nababan yariko arondera gufata iyo sato y'imetero 7.8, nkuko amakuru avuga.

Yaramuteye, munyuma uwo mugabo n'iyo nzoka baragwana, mu mperuka Bwana Nababan arayica afashijwe n'abanyagihugu.

Uwo mugabo yarakomeretse cane.

Iyo nzoka ntiyagize amahigwe nka Bwana Nababan - ikiziga cayo caciye kijanwa mu kigwati aho abantu baje kukiraba, munyuma kirahimbagugwa, kirakarangwa, kiraribwa.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/GETTY IMAGES
Image caption Iyo nzoka yabohewe ku giti ku wa gatandatu mw'ijoro

Bwana Nababan yabwiye ikinyamakuru ca Indonesia Detik: "Nagerageje kuyifata, irankomora ku kiganza, munyuma dutangura kugwana."

Uwo mugabo w'imyaka 37 ntiyasiguye igituma yagomba gufata iyo sato, ariko avuga ko hari abanyagihugu batashobora kujabuka ibarabara kubera iyo nzoka.