Sentare ya Espagne yanse itunganywa ry'inama y'abadepite i Catalogne

Prezida wa Catalogne Carles Puigdemont Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/GETTY IMAGES
Image caption Prezida wa Catalogne Carles Puigdemont

Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro muri Espagne yanse ko hatunganywa inama y'abadepite i Catalogne ku munsi wa mbere, mu ntumbero yo kubuza ukurondera kwikukira.

Iyo sentare yavuze ko kwoba "guhonyanga ibwirizwa shingiro".

Aho hambere umushikiranganji wa mbere Mario Rajoy yari yagabishije ubutegetsi bw'intara ya Catalogne, ku gushaka gutangaza ukwikukira inyuma y'amatora yo ku munsi wa Mungu.

Indongozi ya Catalogne Carles Puigdemont, yari yavuze ko yotangaje ivy'ukwo kwikukira mu nama y'abashingamateka yo mu ndwi iza.

Inyuma y'ingingo yafashwe na sentare ku wa kane, sentare ijejwe iyubahirizwa ry'ibwirizwa shingiro yemeje iciyumviro c'umugambwe w'aba Socialistes "Catalonia's Socialist Party" wiyamiriza ukwiyonkora kuri Espagne.

"Kwemera kw'inama nshingamateka ikorana munyuma ikemeza ukwikukira vyotuma uburenganzira bw'abashingamateka b'uwo mugambwe buhonyangwa."

Abateguye amatora kamarampaka yo ku munsi wa Mungu, bavuze ko yitabwe n'ibice 42%, abantu imiliyoni 2.2 baba aribo bayitaba.

Bivugwa ko 90% vyatoye ko intara yikukira, ariko ngo nta bitigiri ntabanduka vyigeze bishikirizwa kandi ngo bivugwa ko hari vyinshi bitagenze neza.