Urukundo rwa Diamond na Zari Hassan rwoba rugiye kurangira?

Umuririmvyi wa bongo fleva Diamond Platinumz n'umupfasoni wiwe Zari Hassan Uwufise ububasha kw’isanamu Diamond Platinumz
Image caption Umuririmvyi wa bongo fleva Diamond Platinumz n'umupfasoni wiwe Zari Hassan

Bigaragara ko urukundo hagati y'umugwizatunga Zari Hassan wo muri Uganda n'umuririmvyi rurangiranwa w'umugwi Bongo Fleva Diamond Platinumz rwoba rugiye kurangira.

Diamond yari amaze kuvyarana abana babiri na Zari Hassan amaze imisi adakaka inyuma y'aho umugenzi wiwe Diamon yemereye ku mugaragaro ko yamuciye inyuma avyarana n'umunyamideli wa Tanzania Hamisa Mobeto.

Kuva ivyo bibaye, ibintu ntivyifashe neza hagati y'abo bakunzi babiri.

Ibindi bimenyetso vyerekana ko ibintu bitifashe neza, vyagaragaye mu ndwi iheze igihe Zari atitaba imisi mikuru itatu yose yari yateguwe mu guhimbaza umusi mukuru w'amavuka wa Diamond.

Zari yabanje kuva aho aba muri Tanzania yerekeza mu gihugu ca Afrika y'epfo, imbere yo gufuta ifoto zose z'uwo muririmvyi ku rubuga rwiwe rwa Instagram no ku zindi mbuga ngurukanabumenyi.

Ariko ntiyagarukirije ngaho, uretse gukurako ifoto bifotoranije hamwe, Zari kandi yaramuhagaritse (bloquer) ku mbuga zose aho Diamond ubu adashobora kumubona.

Zari ubu ari muri Afrika y'epfo gukurikirana itunga ryari iryo umugabo wiwe, Ivan Ssemwanga Brooklyn College hamwe n'ubundi butunzi, ariko anabandanya arera n'abana biwe babiri.

Itariki 26 mu kwezi kw'icenda mu 2017 Zari yanditse ku mbuga ngurukanabumenyi ya facebook ko ata co bimubwiye vuvavanura n'abantu ata co bibabwiye kuba mu buzima bwawe.

Narabuze abantu b'akamaro mu buzima bwanje kandi mbandanya kubaho neza.

Ariko ntibiramenyekana nimba abo bakunzi bashobora kubonana mu mpera z'iyinga nk'uko bisanzwe.

Diamond azoja muri Uganda mu misi mikuru ya Carnival mu gisagara ca Kampala.