Turkia na Amerika vyahagaritse gutanga impusha muri ivyo bihugu

Turkish and US flags. File photo Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Abaserukira ibihugu vya Turkia na Amerika batanze ubutumwa busa

Impande zose zivuga ko zabigize kubera ikibazo c'umutekano, ivyo bikaba bibaye inyuma y'aho umukozi wa Amerika afatiwe muri Turkia.

Ibiro vy'uwuserukira Turkia muri Amerika vyavuze ko bikeneye gusubira kwihweza neza ivyo reta y'ico gihugu yiyemeje vyo gucungera umutekano w'abakozi babao.

Itangazo risa n'iryo ryari ryashikirijwe imbere y'aho n'ubuserukizi bwa Amerika i Ankara.

Ibi bishitse inyuma y'aho umukozi w'ibiro biserukira Amerika i Instanbul ahagarikiwe mu ndwi iheze bamwikeka ko afitaniye ubucuti n'uwo Turkia yagiriza gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka uheze.

Amerika yarateye ivyatsi iyo nyifato ivuga ko isuzuguritse kandi ko yonona imigenderanire iri hagati y'ivyo bihugu.

Uwari yahagaritswe yari umukozi afise ubwenegihugu bwa Turkia, nk'uko ikinyamakuru ca reta Anadolu kibivuga.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Turkia yagiriza Fethullah Gulen kuba ari we yari inyuma y'abashatse gutembagaza ubutegetsi mu mwaka uheze

Mw'itangazo ryo ku wa mungu, ubuserukizi bwa Turkia i Washington bwavuze:" Ibiherutse gushika vyatumye reta ya Turkia gusubira kwihweza iryo reta ya Amerika yiyemeje vyo gucungera umutekano w'abaserukira Turkia hamwe n'abakozi. ".