Abasuma bo kuri internet ba Korea ya ruguru barivye amabanga ya gisirikare Koreya y'epfo.

Uwufise ububasha kw’isanamu Rodong Sinmun

Abasuma bo kuri internet ba Korea ya ruguru barinjiye mu nyabwonko za gisirikare za Korea y'epfo biba impapuro nyinshi zirimwo amabanga menshi ya gisirikare.

Bimwe vyari muri izo mpapuro ni umugambi wo kwica umukuru wa Korea ya ruguru Kim Jong-un.

Umushingamateka wa Korea y'epfo Rhee Cheol-hee yavuze ko ivyo vyibwe mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika.

Izo nkuru zari zifise imigambi basangiye hagati y'igisirikare ca Korea y'epfo na Amerika.

Mu kwezi kwa gatanu, Korea y'epfo yaranyeguruye amakuru avuga ko hari ibintu vyinshi vyibwe n'abasuma bo kuri internet mu kwezi kw'icenda mu mwaka uheze, inkuru Korea ya ruguru yamiriye kure.

Igisirikare ca Korea y'epfo kivuga ko gushika ubu, ibice 80 % vy'inkuru zibwe n'abo basuma, batarazimenya neza.

Missile Korea ya ruguru itunze

Image caption Missile za Korea ya ruguru