Kenya: Amatora yugururiwe abandi bakandida

Abakenya barindiririye ku mirongo miremire ngo batore kw'itariki 8 z'ukwezi kw'umunani
Image caption Abakenya barindiririye ku mirongo miremire ngo batore kw'itariki 8 z'ukwezi kw'umunani

Sentare ya Kenya yarekuriye umukandida yayitwayeko Ekuru Aukot guhiganwa mu mu matora y'umukuru w'igihugu ategekanywa itariki ya 26 ukwezi kw'icumi, ivyo bigashobora gutuma n'abandi bakandida bari mu matora ya mbere bosaba kuyajamwo.

Bwana Aukot hamwe n'abandi bakandida batanu bari mu bari bitoje mu kibanza c'umukuru w'igihugu iruhande y'abakandida bakuru Uhuru Kenyatta w'urunani Jubilee hamwe na Raila Odinga wa NASA.

Igihe urunani NASA rwitwariye ruvuga ko amatora yaranzwemwo ubusuma munyuma sentare ntahinyuzwa ya Kenya ikayagira impfagusa, akanama kajejwe amatora IEBC kamenyesheje ko amatora mashasha atunganywa hagati ya Bwana Kenyatta na Bwana Odinga gusa.

Bwana Aukot yitwariye ingingo ya IEBC yo kubabuza kuja muri ayo matora mashasha, uno munsi yemerewe na Sentare ko ashobora kwitoza, ivyo bigatuma n'abandi bakandida batanu bashobora gusaba kuja murayo matora.

Ku munsi wa kabiri umukuru w'imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi Raila Odinga niho yamenyesha ko avuye mu matora, bituma Uhuru Kenyatta asigara ari umukandida umwe rudende.

Sentare yafashe iyo ngingo mu gihe inama nshingamateka nayo, uno munsi yemeje integuro y'itegeko, ihindura amwe mu mategeko agenga amatora.

Abashingamateka bo mu migambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi ntibitavye iyo nama, bavuga ko ayo mategeko mashasha aje gushigikira Bwana Uhuru Kenyatta.