Onu: Myanmar ifise umugambi wo kwomora inkehwa z'aba Rohingya

Ibiro vya Onu (hagati) mu gisagara ca New York muri Amerika
Image caption Ibiro vya Onu (hagati) mu gisagara ca New York muri Amerika

Icegeranyo c'umuryango mpuzamakungu Onu ku gateka ka zina muntu, cagiriza igisirikare ca Myanmar kurondera kwomora burundu inkehwa z'aba Islamu b'aba Rohingya.

Muri ico cegeranyo bivugwa ko ibitero ku ba Rohingya mu ntara ya Rakhine bikoreshwamwo inguvu nyinshi kandi bikuzako -- imirima hamwe n'ibigwati vyarasambuwe mu kubuza ko impunzi zitahuka.

Hamenyekanye ko habaye ubwicanyi bwumvikanyweko ku ba Rohingya imbere yuko abagwanyi b'aba Rohingya bagaba ibitero ku birindiro vy'igipolisi mu kwezi kw'umunani, ivyo bikaba bitandukanye n'amajambo ashikirizwa na leta ya Burma.

Abakozi ba Onu baganiriye n'abantu barenga 60 i Bangladesh bahunze ubwicanyi bwo mu ntara ya Rakhine, biyongeye ku zindi mpunzi zirenga inusu y'umuliyoni.

(Ico cegeranyo kivuga ko mu bihe bimwe bimwe, abasirikare ba Burma bakoresha vya vyuma bitwara ijwi kure (mégaphones) babwira abanyagihugu b'aba Rohingya ko batavuye Myanmar ko bazicwa.)