Imiyaga yongereje umiriro mu ntara ya California

Fire in Kenwood, California Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umuriro ukwiragiye hose mu ntara ya California

Umuyaga mwinshi uguma wongereza umuriro ubu umaze guhitana abantu 23 mu buraruko bwa California, nk'uko bivugwa uwujejwe igisata co kuzimya umuriro muri iyo ntara.

Abantu ibihumbi n'ibihumbi ntibagira aho bakika umusaya kubera iyo miriro yadutse mu bice 22 wihuta cane.

Abantu babab 300 baraburiwe irengero, ariko igipolisi kivuga ko vyoba vyavuye kukubimura ikitaraganya.

Mu bisagara vyose vyo muri iyo ntara yimbura umuvinyu mwinshi nta muntu akiharangwa.

Umuriro ni co kintu kimaze guhitana abantu benshi muri kahise ka California, imyotsi yawo ikaba ishika mu ntara za kure nko mu bumanuko i San Francisco, ku birometero 100.

Umuriro mwins

Dore uko indege za kizimyamoto zikora mu kuzimya umuriro muri California.

"Ibi birakomeye, bibabaje kandi ibihe bigoye. Ntitugiye kworoherwa muri iyi misi myinshi iri imbere," ni ko uwo mutegetsi Ken Pimlott yavuze.

Yagabishije ko igitigiri c'abapfuye gishobora kwongerekana.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty
Image caption Imicungararo y'igisagara ca Santa Rosa hacitse umuyonga

Imiduga yo kuzimya irenga 200 n'abayikoresha bava mu tundi turere twa Amerika bari i California gufasha kuzimya uwo muriro nk'uko bimenyeshwa n'abategetsi.

Pimlott yavuze ko kajugujugu 73, ibikono batwaramwo amazi mu kirere 30, hamwe n'abahinga mu kuzimya umuriro bababa 8.000 bariko baragwanya urwo rubeya.

Uwo muriro wasize imicungararo y'igisagara ca Santa Rosa ubunywenywe, igisagara cabamwo abantu 175.000.

Abahungishijwe bava muri ivyo bisagara harimwo Calistoga mu karere ka Napa, aho abashika 5000 basabwe gukinjura, igipolisi na co gihagarika uruja n'uruza muri ako karere.

Abantu 13 bapfuye mu karere ka Sonoma nk'uko abategetsi babivuga.

Abantu bashika 25.000 bo muri ako karere bahungishijwe, inzu na zo zigera ku 40.000 zikaba zitagira umuyagankuba.

Abantu batandatu bapfuye mu karere ka Mendocino, babiri i Yuba abandi babiri i Napa, nk'uko abategetsi babibwiye ikinyamakuru ca Angeles Times.

Imiryango y'ababuze ababo n'incuti bateye akamo ko kubarondeza ku mbuga ngurukanabumenyi mu gihe abategetsi babahamagarira kubandikisha mu gitabo kibigenewe.

Mu bapfuye harimwo Chales Rippey w'imyaka 100 hamwe n'umupfasoni wiwe Sara w'imyaka 98, baheruka kugira isabukuru ry'imyaka 78 bubakanye bakaba bapfuye ku wa mungu muhira iwabo i Napa.

"Ntibashatse gutandukana. Kuba bapfiriye rimwe bishobora kuba ari vyo bashaka," ni ko umuhungu wabo Mile Rippey yabwiye ikinyamakuru ca New York Times.

Uwufise ububasha kw’isanamu Family photo
Image caption Mu bapfuye harimwo Charles Rippeyw'imyaka 100, hamwe n'umupfasoni wiwe Sara, w'imyaka98

Imbere n'inyuma

Uwufise ububasha kw’isanamu Google/Getty
Image caption Ihoteli Santa Rosa Hilton
Uwufise ububasha kw’isanamu Google/Getty
Image caption Ikibanza co kuruhukiramwo ca Journey's End Trailer i Santa Rosa