Umumenyeshamakuru yahevye gutangaza umupira urukino rukibandanya

Umumenyeshamakuru atangaza umupira yashavuye aca arigira urukino rudaheze Uwufise ububasha kw’isanamu TOMIX-V
Image caption Umumenyeshamakuru atangaza umupira yashavuye aca arigira urukino rudaheze

Umumenyeshamakuru umwe wo mu Burusiya yababajwe n'ingene umuhagarikizi w'urukino rw'umupira w'amaguru ariko aravyifatamwo, aca arigira umupira udaheze, asiga abarorera bawuraba atawubabwira ibiriko biraba.

Mu gihe hariko haraba urwo rukino hagati y'imigwi yo mu Burusiya ya Torpedo Vladimir na Tekstishchik Ivanovo, umunyegori wa Ivanovo yakubise hasi umukinyi w'imbere wa Torpedo nk'uko vyagaragaye kuri video.

Ico gihe, iyo migwi ibiri yanganya igitego 1-1.

Hagutanga penalite, umuhagarikizi yashize umupira inyuma y'urukiramende, bituma haba imyidogo ku bakunzi b'uwo mugwi n'abarorerezi.

Ivyo vyashavuje uwo mumenyeshamakuru, bituma afata ingingo yo guhagarika gutangaza uwo mupira nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru ca Pravda.

Hanyuma hatewe uwo mupira na ho, umwe mu bakinyi b'inyuma yawukozeko n'ukuboko, basaba ko haterwa penalite kandi ariko umuhagarikizi abwira abakinyi kubandanya urukino, ibintu vyashavuje uwo mumenyeshamakuru binatuma ananebagura uwo muhagarikizi bimwe bikomeye.

Uwufise ububasha kw’isanamu TOMIX TV
Image caption Video irerekana umunyegori akubise hasi umukinyi w'imbere

Hanyuma inyuma y'aho uwo mumenyeshamakuru yavuze ko uwo muhagarikizi, Nikolsky "ateye isoni umupira w'amaguru w'Uburusiya", aca arahaguruka arigira, asiga abwiye abaje kurorera kuraba uwo mupira atawuriko arababwira uko biriko biragenda.

Urwo rukino rwarangiye ku gitsindo 1-1.