George Weah ni we aza imbere mu matora yo muri Liberia

Rurangiranwa mu mupira w'amaguru George Weah ari imbere mu matora muri Liberia Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Rurangiranwa mu mupira w'amaguru George Weah ari imbere mu matora muri Liberia

Uwabaye rurangiranwa mu mupira w'amaguru George Weah ari imbere mu matora y'umukuru w'igihugu aherutse kuba muri Liberia.

Ibiharuro bitangwa n'akanama kajejwe gutegura amatora NEC vyerekana ko Weah ari imbere mu ntara 11 kuri 15 n'aho amajwi yse ataraharurwa.

Uwumukurikira ni uwahora ari icegera c'umukuru w'igihugu Joseph Boakai, ari imbere mu ntara imwe no mu zindi zose zisigaye akaba aza mu kibanza ca kabiri.

George Weah aremera ko avugana na Charles Taylor

Liberia: Amatora y'umukuru w'igihugu yatanguye

Kugira uronke intsinzi muri ayo matora, ategerezwa kuronka ibice 50% vy'amajwi yose, ariko mu gihe atawoshikana ayo majwi, amatora azoca asubirwamwo mu kwezi kwa cumi na rimwe.

Uwuzotsinda ayo matora azoca asubirira mu kibanza umupfasoni wa mbere yabaye prezida ku mugabane wa Afrika umupfasoni Ellen Johnson Sirleaf arangije ikiringo ciwe nk'uko bitegekanywa n'ibwirizwa shingiro ry'ico gihugu, yanaronse agashimwe ka Nobel.