Ubukene ngo bukomeje kwiyongera mu Burundi

Mu gisagara cya Bujumbura hari abantu babeshejweho no gutora ivyo kurya canke amakara mw'iyarara kubera ubukene.
Image caption Mu gisagara cya Bujumbura hari abantu babeshejweho no gutora ivyo kurya canke amakara mw'iyarara kubera ubukene.

Ku munsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya no gutuza ubukene, mu Burundi bivugwa ko ahubwo buguma bwiyongera ku buryo ico gihugu giharugwa mu vya nyuma kw'isi bikenye.

Rimwe mu mashirahamwe ategamiye leta - PARCEM - rivuga ko ryatanguje isekeza ryo kwerekana ibimenyetso vy'ubwo bukene n'inzira z'ingene abantu bose bokora kugira babugwanye.

Ikigo ca leta gitororokanya ibiharuro vy'ubutunzi cerekana ko abarundi indwi kuri 10 baba mu bukene, ivyo kurya habura ibingana na 30 kugira abantu boshe bashore kubironka.

Ingaruka muri uyu mwaka bimaze kuduga ku rugero rurenga 20 ku ijana.

Muri PARCEM bavuga rero ko batanguje isekeza ryo gukwiragiza mu binyamakuru kugira ivyo bimenyetso vy'ububukene bimenyekane na cane cane ko hari aho usanga abanyepolitike bamwe bamwe babwira abantu ko ibintu vyifashe neza.

Imyaka 25 ihaciye uwo munsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya ubukene utanguye guhimbazwa isanze ubukene mu Burundi bwariyongeye aho kugabanuka.

Mu 1992, abarundi 3 kuri 10 nibo baharugwa ko baba mu bukene, mu gihe ubu babarizwa muri 7 kuri 10.