Umushikiranganji akomeye yikuye mu mabanga muri Portugal

Portugal ni igihugu gikunze kwibasigwa n'imiriro y'ishamba Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Portugal ni igihugu gikunze kwibasigwa n'imiriro y'ishamba

Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu ca Portugal yatanze imihoho inyuma yaho abantu barenga 100 biciwe n'imiriro y'ishamba mu kiringo c'amezi ane.

Umukenyezi Constanca Urbano de Sousa yavuze ko yumva atagishoboye kubandanya amabanga yiwe, haba ku bijanye na politike canke ku giti ciwe.

Ku munsi wa kabiri, Prezida wa Portugal yahamagariye inama nshingamateka gufata ingingo ko leta yoguma ku butegetsi bitewe nuko yananiwe guhangana n'umuriro wadutse.

Uwo muriro wishe abantu 41 hagati no mu buraruko bw'igihugu ku munsi wa Mungu no ku wa mbere, hamwe n'abandi 64 mu kwezi kwa gatandatu --ibintu bitari bwigere bishika mu mateka ya Portugal.