Raila Odinga ngo ashaka ko amatora yigizwa inyuma

Raila Odinga naho yatangaje ko avuye mu matora, ngo ashobora kuyajamwo impungenge ziwe zumvirijwe Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Raila Odinga naho yatangaje ko avuye mu matora, ngo ashobora kuyajamwo impungenge ziwe zumvirijwe

Umukuru w'abatavuga rumwe na leta muri Kenya, Raila Odinga, ngo yoba yabwiye umukuru w'akanama kajejwe amatora, ko ayo mu ndwi iza yokwigizwa inyuma.

Bwana Odinga ivyo yabitangaje amaze kubonana n'uwurongoye akanama kajejwe amatora muri ico gihugu, Wafula Chebukat.

Babonanye nyuma y'aho kuwa kabiri bwana Chabukat avugiye ko hadashobora kuba amatora yizewe mu gihe ibintu vyoguma uko biri ubu.

Sentare ntahinyuzwa yahinduye ubusa amatora y'umukuru w'igihugu yo mu kwezi kw'umunani, ivuga ko yabayemwo amakosa, itegeka ko asubirwamwo, isango rikaba ari mu ndwi imwe.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umukuru w'akanama kajejwe amatora muri Kenya, Wafula Chebukat, avuga ko amatora yizewe adashobora kuba ibintu bigumye uko biri ubu

Bwana Odinga aramaze kuva muri ayo matora, ariko nyuma y'umubonano w'uno munsi yavuze ko ashobora kuzoyitaba impungenge ziwe nizumvirizwa.

Umukuru w'igihugu Uhuru Kenyatta aguma ashimangira ko amatora azoba mu ndwi imwe kandi yarabandanijwe kwiyamamaza.