Mu Buhindi bagiye guhemba abafasha gufata abiyerereza mu miji

Abasabiriza begereranirijwe hamwe Uwufise ububasha kw’isanamu TS SUDHIR
Image caption Abasabiriza begereranirijwe hamwe

Ubutegetsi bw'ahitwa Hyderabad mu bumanuko bw'Ubuhindi bwemeye gutanga impiya 500 ($7.60; £5.80) kuwuzofasha kwerekana aho hose hari abasabiriza.

Iki cemezo cafashwe mu ntumbero yo kubakura mu gisagara inyuma y'itariki 15 ukwezi kwa cumi na kabiri.

Umukuru w'igipolisi muri ico gisagara yihanikije ugusabiriza ku kiringo c'amezi abiri.

Ababikurikirana bavuga ko iyo ngingo iturutse ku rugendo rw'umukobwa wa Perezida Trump, Ivanka Trump, ariko ubutegetsi bwabihakanye.

Mu ndwi iheze igipolisi carahize ba mayibobo iruhande y'ibibanza vyo gusengeramwo, ku bituro vy'amabisi hamwe no ku bituro vya gariyamoshi.

Kugorora abafashwe

Abafashwe barungikwa mu bibanza bagororegwamwo hafi y'ibohero rikuru rya Hyderabad.

Ivanka Trump yitezwe kugendera Hyderabad mu nama izohuza abanyamitahe "Global Entrepreneurship Summit" kw'itariki ya 28 na 29 Ukwezi kwa 11.

Mu mwaka w'i 2000, abo bantu basabiriza barirukanywe vy'agateganyo mu gisagara ca Hyderabad igihe Perezida wa Amerika w'ico gihe Bill Clinton yakigendera.

Soma izindi nkuru ku Buhindi: