Bimvye inzira ya 8m mu kuzimu mu kwiba ibanki mu Buhindi

Abo basuma bimvye iyo nzira mu mezi ane
Image caption Abo basuma bimvye iyo nzira mu mezi ane

Abasumu bo mu gisagara ca Mumbai bivye ibanki y'Ubuhindi babanje kwimba inzira ica mu kuzimu y'imetero hafi umunani, igikorwa catwaye amezi ane.

Igipolisi cabwiye BBC ko amahera hamwe n'ivyo gushariza umubiri vy'agaciro vyibwe, ariko ko atawuramenya ukwo ivyibwe vyose vyoharugwa mu mahera.

Ubutegetsi buvuga ko abakoze ubwo busuma babanje bakotesha ikibanza cegereye iyo banki yitiriwe Baroda, kugira ngo bashobore kwimba iyo nzira.

Bivugwa ko bari bafise iduka ry'ibiva mu mirima aho baba, kugira ngo bafukafuke ivyo barimwo.

Abakekwa kuba barakoze ubwo bubisha ngo ntawuzi irengero ryabo kuva ku munsi wa gatandatu mw'ijoro.

Image caption Igipolisi kivuga ko bakotesheje iduka imbere yuko bakora ubwo busuma

Ntawurashobora kumenya ingene abo bantu bashoboye kwimba iyo nzira yo mu kuzimu amezi n'amezi ata muntu avyiketse.