Leta ya Pakistani yatabaje igisirikare kurwanya imigumuko

Abantu bagera ku 200 bakomeretse mu kaguma Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Abantu bagera ku 200 bakomeretse mu kaguma

Abajejwe umutekano muri Pakistani bari batanguye igikorwa co gutangira abari mu myiyerekano bahavuye bagihagarika kubera haciye haduka akaguma.

Abapolisi bo muri Pakistani bahunze kubera amajana y'abantu bari mu myiyerekano babahindutse batari bavyiteze.

Abantu batari munsi y'amajana abiri bakometse kubera ako kaguma.

Abari mu myiyerekano bazibiye ibarabara rikuru, basaba ko umushikiranganji bagiriza ko yatutse intumwa yirukanwa.

Abari mu myiyerekano baciye bakwiragira muyindi miji, harimwo na Karashi.

Asbo mu mugwi wishimikiza amatwara y'idini rya Islamu witwa Tehreek-i-Labaik Ya Rasool Allah Party, bifuza ko umushikiranganji ajejwe ubutungane, Zahid Hamid, kubera tatshizemwo intumwa Muhammad mw' itegeko rigenga imigambwe.

Uwo mushikiranganji yahavuye asaba imbabazi, avuga ko ryabaye ikosa ry'abakozi b'Imana.