Misri: Abagize igitero i Sinai bari bitwaje ibendera rya IS

Misri iriko irahiga abagize igitero mu karere ka Sinai ku wa gatanu gihitana abantu 305
Image caption Misri iriko irahiga abagize igitero mu karere ka Sinai ku wa gatanu gihitana abantu 305

Abategetsi bariko barakora amatohoza kubwicanyi bwahitanye abariko barasenga mu musigiti muri Sinai bavuga ko abagize ico gitero bari bitwaje ibendera rya Islamic State.

Abantu 305 ni bo baciwe muri ico gitero cagizwe kubariko barasenga ku musi wa gatanu, kikaba ata n'umwe araciyitirira.

Umushikirizamanza wa republika mu Misri yavuze ko abagize ico gitero babonetse aho cabereye bashika 30.

Prezida wa Misri Abdul Fattah al-Sisi yiyemeje "kubasubiriza mu ndumane ata kinya".

Igisirikare ca Misri camaze kumenyesha ko kiza camaze kugira igitero c'indege kuri abo bitwaje iterabwoba.

Abajejwe umutekano mu Misri bamaze imyaka bagwanya abagumutsi b'aba Islam mu karere ka Sinai, kandi abagwanyi bafitaniye ubucuti n'umugwi wiyita Islamic State (IS) uri inyuma y'igitigiri kinini c'ibitero vyahitanye abantu muri ako karere kari mu bugaragwa.

Igitero co ku wa gatanu mu gisagara ca Bir al-Abed ni co gikomeye cane kibaye gihitanye abantu benshi mu biheruka.

Umusigiti wa Al-Rawda watezwemwo bombe hanyuma abantu bitwaje inkoho barenga 20 barindiririye hanze, baca barasa abariko baragerageza kunyaga amagara.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Perezida Sisi yavuze ko azohigura n'abakoze igitero ca Sinai

Bamwe mu bateye bari bipfutse mu maso, abandi bambaye impuzu za gisirikare.

Bivugwa ko abo bateye baciye baturira amamodoka kugira ntihagire uwegera iyo nyubakwa, banarasa rusehabaniha zagerageza kuza gutabara abakomeretse.

Abana mirongo itatu bari mu bapfuye kandi abantu barenga ijana bakomeretse.