" Nasavye sentare kumpfunga , hakuyerera ntagira aho mba"

Bradley Grimes
Image caption Ingeso ya Bradley yo kutabaho nk'abandi bantu yatumye sentare imubuza kuyerera ahegereye aho badandariza

Inyuma yo kubuzwa kugenda arasabiriza no kurara aho abonye kw'ibaraza z'amaduka mu gisagara ca Middlesbrough, Bradley Grimes yasavye umucamanza kumurungika mw'ibohero hakubaha ata gira aho akika umusaya.

Bizogira iyinhe ngaruka? "Ivyo bakoze, n'ugushaka ko ntobana n'abandi mu kumbuza ko mbaho nsabiriza.

"Ariko ni ngombwa ngo nsabe kugira nshobore kubaho," Ni ko Bradley yabwiye umumenyeshamakuru wa BBC.

Yatanguye kubura aho aba, inyuma yo kuvanwa ku rutonde rw'abafashwa na reta afise imyaka 17.

Bradley Grimes avuga agigimizwa akaba "adafise n'ubwenge bukwiye" ntiyigeze aronka akazi, kenshi na kenshi yagenda arasabiriza- cane cane abantu bahita yabasaba imfungurwa n'amahera.

Image caption Aha ni ho Bradley avuga ko arara kenshi na kenshi, iruhande gato y'ibarabara ririmwo uruja n'uruza rwinshi

Ariko ibi vyatumye umucamanza wa sentare imwe ya Middlesbrough amutegeka guheba iyo nyifato.

Iryo tegeko riri kumwe n'irimubuza "kwiyerereza" imbere y'inzu badandarizamwo.

Bradley avuga ko iyo ngingo imubuza "kurara imbere y'inzu z'ubudandarizo" aho yahora yokinga imbeho, ivyo rero bigatuma aguma afatwa n'abajejwe umutekano.

"Ivyuma bifata amasanamu vya CCTV birayafata ku mwanya ku mwanya bikayarungikira igipolisi cane abazamu. Abapolisi baje baca bagufata," ni ko Bradley w'imyaka 23 avuga.

Image caption Bradley avuga ko umusi umwe yafashwe yicaye ku gituro c'imodoka zunguruza abantu.

"Ndamaze gufatwa nkapfungwa rimwe canke kabiri ku musi, mu mezi make aheze.

"Nakunda gupfungwa cane mu mpera z'iyinga.

"Sinshobora kwicara no ku ntebe yagenewe abantu bose ngo nsifatwe. Ni ngombwa ngume nyerera.

Kubera bimuruhisha, yarasavye ico bomufasha kidasanzwe.

Igihe yari muri sentare, yagirizwa yagirizwa kurenga ku mategeko ryo gupfungirwa icamaso amezi ane ari muhira iwe- ikosa adahakana- yasavye umucamanza kumujana mw'ibohero.