ICC: Praljak yagirizwa ubwicanyi yanyoye ubumara muri sentare

Slobodan Praljak in court at The Hague, 29 November Uwufise ububasha kw’isanamu ICTY

Urubanza rwari rwungurujwe n'abagirizwa ivyaha vyo mu ntambara i La Hague mu Buholande rwahagaritswe inyuma y'aho umwe mu bagirizwa yanywa uburozi amaze kwumva urwo aciriwe.

Slobodan Praljak w'imyaka 72 yari umwe mu bategetsi batandatu muri politike na gisirikare muri Bosnia bava muri Croatia bari baje muri sentare.

Yari yaciriwe urubanza rwo gupfungwa imyaka 20 mu 2013 yagirizwa ivyaha vyo mu ntambaravyakorewe mu gisagara ca Mostar.

Amaze kwumva ko abacamanza bagumijeho ico gihano, yabwiye umucamanza , " Ndanyoye uburozi".

Bose ko ari batandatu bariko barumviriza ingingo ya nyuma ya sentare mu rubanza rwari rwungurujwe na sentare mpuzamakungu ya Onu yari yashinzwe gukurikirana abakoze ivyaha muri Yougoslavia ICTY.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ikiraro ca Mostar ca kera kimaze gusubirwamwo

N'aho bari kumwe n'abaserbe bo muri Serbia mu gihe c'intambara yo hagati ya 1992-1995, Abacrote bo muri Bosnia n'aba Islam baratanye mu mitwe hagati yabo mu kiringo c'amezi 11.

Mu gisagara ca Mostar ni ho habereye intambara ikomeye.