Yiturikirijeko grenade muri sentare zihitana n'uwagirizwa icaha

Izo grenade zaturitse igihe hariko harumvirizwa urubanza rw'ubwicanyi Uwufise ububasha kw’isanamu DP.NPU.GOV.UA
Image caption Izo grenade zaturitse igihe hariko harumvirizwa urubanza rw'ubwicanyi

Umugabo umwe yaturikije grenade zibiri muri sentare imwe yo mu buseruko bwa Ukraine, ica iramuhitana ari kumwe n'umwe mu bagirizwa ubwicanyi nk'uko bimenyeshwa n'igipolisi.

Izo grenade zaturitse mu gihe hari hashashe urwo rubanza mu gisagara ca Nikopol mu ntara ya Dnipropetrovsk.

Uwo muntu ni se y'umwe mu bishwe nk'uko inkuru z'igipolizi zibivuga.

Abantu icenda bakomeretse, harimwo abagirizwa icaha babiri, abajejwe umutekano babiri, hamwe n'umukozi umwe wa sentare.

Abo bantu batatu bagirizwa kurasa imodoka imwe bicamwo abantu babiri mu kwezi kwa kabiri mu 2016, harimwo umwana w'uwo muntu yaturikije izo grenade, nk'uko bivugwa n'ibimenyeshamakuru.

Ubwa mbere inkuru zavuga ko umuntu umwe yatoye grenade arazituritsa igihe hariko harumvirizwa urubanza rw'ubwicanyi nk'uko biri ku rubuga rwa Ukrainska Pravda rwasubiyemwo umuvugizi w'igipolisi Yaroslav Trakalo.

Uwo muntu yakoze ivyo amaze kwumva ko urwo rubanza rwungururijwe ku yindi sango.

Amatohoza yatanguye.

Intambara zibera mu buseruko bwa Ukraine zituma haba igitigiri c'abantu batunze inkoho mu banyagihugu.

Abantu barenga 10.000 baramaze gupfira muri iyo ntambara yatanguye mu kwezi kwa kane mu 2014, umwanya muto inyuma y'aho Uburusiya bwigaruriye ubumanuko bw'intara ya Crimee.