Papa Francis yabonanye n'impunzi z'aba Islam b'aba Rohingya

Papa azohereza inkuka y'imisa ku mugwa mukuru Dhaka ku musi wa gatanu Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Papa azohereza inkuka y'imisa ku mugwa mukuru Dhaka ku musi wa gatanu

Mu rugendo arimwo mu gihugu ca Bangladesh Papa Francis yabonanye na bamwe mu mpunzi z'aba Islam b'aba Rohingya, bahunze bava mu gihugu ca Myanmar.

Ubwa mbere mu rugendo arimwo muri Asia, Papa yakoresheje ijambo 'Rohingya'.

Yavuze "Ukubaho kw'Imana uyu musi na ko nyene kwitwa Rohingya", inyuma yo kubonana n'impunzi cumi na zitandatu bari bazanye i Dhaka bavuye mu makambi ari ku rubibe na Mynmar.

Abategetsi ba Myanmar ntibemera aba Rohingya nk'umugwi w'ubwoko.

Urugendo rwa Papa Muri Myanmar

Papa yatanguye urugendo rwiwe muri Bangladesh

Papa yari yasomeye misa hanze ku bakatolika bo muri Bangadesh.

Abantu bashika ibihumbi ijana ni bo baje muri iyo misayabereye ku mugwa mukuru wa Bangladesh, i Dhaka.