HRW irashinja leta ya Congo gukoresha M23 mu guhosha imyigaragambyo

Imyigaragambyo irwanya Perezida Kabila i Goma mu kwa cumi 2016. Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Imyigaragambyo irwanya Perezida Kabila i Goma mu kwa cumi 2016.

Umuryango uharanira uburenganzira bw'ikiremwamuntu, Human Rights Watch, uravuga ko abategetsi bo muri Repubulika iharanira demokarasi ya Congo bakoresheje abahoze ari abarwanyi b'umutwe wa M23 mu guhosha imyigaragambyo y'abatavuga rumwe na leta umwaka ushize.

Uyu muryango uravuga ko abahoze ari abarwanyi ba M23 barenga magana abiri bategetswe gukoresha ingufu zica mu guhangana n'abari mu myigaragambyo.

Abantu barenga 60 baguye mu myigaragambyo itarashakaga ko Perezida Kabila aguma ku butegetsi nyuma yaho manda ye ya kabiri irangiriye mu kwezi kwa cumi na kabiri.

Ida Sawyer wo muri Human Rights Watch avuga ko ibi babibwiye n'abibyoneye ubwabo:

Ntibishobora gukina mu cuma cawe
HRW irashinja DRC gukoresha M23 mu guhosha imyigaragambyo

Abategetsi ba Congo ntacyo bari bavuga kuri ibi bivugwa na Human Rights Watch.