Isiraheli yabandanije ibitero ku mugwi Hamas muri Palestine

Uwujejwe umutekano wa Isiraheli atera ivyuka bikoroza amarira Abanyepalestine bari mu migumuko Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Itana mu mitwe ryavuye ku gutangaza kwa Trump ko Yerusaremu ari umurwa mukuru wa Isiraheli

Isiraheli ivuga ko yagavye ibindi bitero vy'indege ku nganda z'ibirwanisho za Hamas hamwe no mu bibanza bibikwamwo mu karere ka Gaza.

Hamas ivuga ko ibiziga bibiri vyatowe mu bihomoka vy'inzu iri mu zagabweko ivyo bitero.

Ivyo bitero ni ivyo kwishura ku bitero vy'ibisasu vya rokete vy'Abanyepalestine vyatewe mu bumanuko bwa Isiraheli.

Iri tana mu mitwe rikurikiye gutangaza kwa Prezida wa Amerika, Donald Trump, kuwagatatu yuko Yerusaremu ari umurwa mukuru wa Isiraheli.

Abanyepalestine babiri nibo bamaze kuhasiga ubuzima abandi benshi bakomereka, mw'itana mu mitwe n'abasirikare ba Isiraheli.

Abashikiranganji bajejwe imigenderanire b'ibihugu vyo mw'ihuriro ry'abarabu vyitezwe ko babonanira i Cairo uno munsi bavugane ku nyishu bashikiriza.

Ibindi bisa n’ibi