Abanyesudanikazi bafashwe bambaye amapantaro bababariwe

Kwambara impantaro ku bagore muri Sudani biganishwa gukibitwa inkoni 40 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Kwambara impantaro ku bagore muri Sudani biganishwa gukibitwa inkoni 40

Abanyesudanikazi mirongo ibiri na bane bari bafashwe kubera icaha co kwigenza nabi, nyuma y'aho bafatiwe bambaye amapantaro mu munsi mukuru i Khartoum, bababariwe.

Bari bafashwe n'igipolisi kijejwe inyifato mu kibano cahutse uwo munsi mukuru kuwa gatatu kikabafata.

Abateguye uwo munsi mukuru baciwe amande kuko ngo bawuteguye ata ruhusha bahawe.

Igihano ku wuhamwe n'icaha co kwambara ku mugaragaro ibifatwa n'ibikozasoni, ni gukubitwa inkoni mirongo ine hamwe n'amande.

Abaharanira agateka ka zina muntu bavuga ko buri mwaka ibihumbi n'ibihumbi vy'abagore bafatwa bagakubitwa bagirizwa kwigenza nabi.

Bavuga ko itegeko ribuza kwambara ipantaro, ibutura canke ijipo ifashe rivangura ku Bakristu ngo kandi ntirikoreshwa kimwe hose.

Hakurikijwe umuco, abagore bo muri Sudani bambara amakanzu arekuye cane kandi maremare.

Soma izindi nkuru kuri Sudani: